Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 19:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Impuzu zera, zimesuye kandi zikayangana, ni zo yahawe ngo yambare.” Impuzu zera zisigura ibikorwa vyiza vy’ukugororoka vy’abera b’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 19:8
21 Iomraidhean Croise  

Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Aramubaza ati: ‘Mugenzi, winjiye gute hano kandi utambaye impuzu y’ubukwe?’ Uwo muntu ntiyashobora kuronka ico yishura.


Impuzu ziwe zirera cane, zica ibibatsi; nta muntu n’umwe kw’isi yozimesuye ngo zere nk’uko.


Bakizazaniwe haca haboneka abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi, bahagarara i ruhande yabo.


Bakirangamije mu kirere baraba ingene aduga, haboneka abagabo babiri bambaye amakanzu yera, bahagarara i ruhande yabo.


Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”


Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi baca barasohoka bava mu rusengero. Bari bambaye impuzu zera derere zitanduye, bakenyeje imikanda y’inzahabu.


Ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu zera zikayangana.


Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan