Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 19:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro! Kuko ubukwe bw’Umwagazi w’intama burashitse, kandi umugeni wiwe aramaze kwitegura.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro, kuk’ ubukwe bga wa Mwagazi w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 19:7
29 Iomraidhean Croise  

Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera.


“Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umusi mukuru w’ubukwe umwami yateguriye umuhungu wiwe.


mumere nk’abanyarugo barindiriye ko shebuja ava mu bukwe kugira ngo bace bamwugururira niyashika akadodora.


Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.


Kuko umugabo ari we mutwe w’umugore nk’uko Kristo na we ari we mutwe w’ishengero ari ryo mubiri wiwe, na we akaba umukiza waryo.


Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ako kanya nyene haca humvikana nyamugigima iteye ubwoba isenyura ica cumi c’ibisagara, abantu ibihumbi indwi barapfa. Abarokotse bagira ubwoba bwinshi, bahimbaza Imana yo mw’ijuru.


Wa mumarayika aca ambarira ati: “Andika uti: Hahiriwe abatumiwe ku mazimano y’ubukwe bw’Umwagazi w’intama!” Yongerako ati: “Aya ni amajambo y’ukuri y’Imana.”


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan