Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 19:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro kandi yari afise ingori nyinshi ku mutwe. Yari afise izina rimwanditseko kandi nta n’umwe ashobora kuritahura atari we nyene.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro, no mu mutwe yambaye imigāra myinshi, kand’ afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 19:12
25 Iomraidhean Croise  

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


“Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti: Raba Umwami wawe arakugendeye, aciye bugufi, agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.”


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.”


Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.


hejuru y’ukuganza kwose n’ubukuru bwose, hejuru y’ubushobozi n’ubutegetsi bwose, hejuru y’izina ryose rishobora kuvugwa, haba muri iyi si y’uno musi canke mw’isi izoza.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Umushatsi wiwe warera derere; amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Ca gisato gica gihagarara ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. Hanyuma nca mbona igikoko gisokorotse kiva mu kiyaga. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi; ihembe ryose ryariko urugori, kandi ku mutwe wose hari handitseko izina ricokora Imana.


Kw’ikanzu yiwe no kw’itako rwiwe hari handitseko ngo: umwami w’abami, uwuganza abatware.


Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.


Ndavye imbere yanje nca mbona ifarasi yera. Uwayigenderako yari afise umuheto, hanyuma ahabwa urugori, aca ayigenderako nk’uwanesheje kandi agiye kunesha.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan