Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 19:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 19:11
28 Iomraidhean Croise  

Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Nca mbona ca gikoko, mbona n’abami bo mw’isi bose n’ingabo zabo zikoraniye kugwanya umwe agendera kw’ifarasi n’ingabo ziwe.


Za ngabo zose zica zicishwa ya nkota ikarishe yava mu kanwa k’uwugendera kuri ya farasi yera, maze ibisiga vyo mu kirere vyose bica birya inyama zabo.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”


Ndavye imbere yanje nca mbona ifarasi yera. Uwayigenderako yari afise umuheto, hanyuma ahabwa urugori, aca ayigenderako nk’uwanesheje kandi agiye kunesha.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan