Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 18:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 None rero ku musi umwe, kizohwikirwa n’ivyago: urupfu, ikigandaro n’ikigoyi. Kizotongorwa n’umuriro, kuko Umwami Imana agiciriye urubanza ari umunyabushobozi.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 18:8
18 Iomraidhean Croise  

Mbega mugomba tuvyure ishari ry’Umwami? Mwibaza ko tumusumvya inguvu?


bavuga bati: “Turaguhaye icubahiro, Mwami Imana Mushoboravyose, wewe uriho kandi wamyeho, kuko wakiriye ububasha bwawe bukomeye, ugashiraho inganji yawe.


Kirya gikoko n’amahembe cumi yaco wabonye bizokwanka urya mumaraya. Bizomwambura ivyo afise vyose bimusige ari gusa. Bizomurya inyama hanyuma ibisigazwa vyiwe bibiturire mu muriro.


Urya mugore wabonye ni igisagara gihambaye kiganza abami bo kw’isi.”


Mu kanya isase, ubwo butunzi bwose buhindutse ubusa!” Abagendesha ubwato, ababugenderamwo, abasoza hamwe n’abakorera ibikorwa vyabo mu kiyaga, bazobirabira kure.


Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!


Bongera barasemerera bati: “Haleluya! Umwotsi uva muri ca gisagara wama uduga ibihe vyose.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan