Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 18:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni, ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose, ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose, n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 18:2
26 Iomraidhean Croise  

Ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa wakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.


Hanyuma aca arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe yivuga. Asemereye, haca humvikana amajwi y’imituragaro indwi.


Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.


Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.”


Hanyuma uwundi mumarayika agira kabiri aca akurikira uwo wa mbere avuga ati: “Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye, canywesheje amahanga yose ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco bukomeye.”


Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma.


Ca gisagara gikuru gica cigaburamwo gutatu, ibisagara vy’amahanga birasenyagurika. Maze Imana yibuka ivyaha vya Babiloni igisagara gihambaye, ica ikinywesha ku gikombe cuzuye umuvinyu w’uburake bwayo buteye ubwoba.


Urya mugore wabonye ni igisagara gihambaye kiganza abami bo kw’isi.”


Ibi ni vyo vyari vyanditse mu ruhanga rwiwe: babiloni hahambaye nyina w’abamaraya bose n’ibihumanya vyo kw’isi.


Bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye, maze bakome induru bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, Babiloni ca gisagara gikomeye! Mu kanya isase, urubanza waciriwe ruragushitseko!”


Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye, kizokubitwa hasi biteye ubwoba, kandi ntikizosubira kuboneka.


Nongera mbona n’umumarayika w’inkomezi asemerera n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwu muzingo w’igitabu no kuwugurura?”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan