Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 18:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu z’igiciro kinini, izitukura n’iz’agahama, gishazishije inzahabu n’amabuye y’agaciro n’utubuyenge.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza n’iz’ inyambarabami n’iz’ agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’ igiciro kinini n’imaragarita,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 18:16
8 Iomraidhean Croise  

Wa mumarayika aca antwara mu bugaragwa muri Mpwemu. Nca mbona umugore agendera ku gikoko gitukura, gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, cuzuyeko n’amajambo yo gutuka Imana.


Uwo mugore yari yambaye impuzu z’agaciro zitukura, kandi yari ashazishije inzahabu n’utubuye tw’igiciro, hamwe n’imaragarita. Mu minwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibiterasoni n’ibihumanya bivuye ku busambanyi bwiwe.


Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”


Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan