Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 18:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye, maze bakome induru bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, Babiloni ca gisagara gikomeye! Mu kanya isase, urubanza waciriwe ruragushitseko!”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 18:10
17 Iomraidhean Croise  

Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.


Hanyuma uwundi mumarayika agira kabiri aca akurikira uwo wa mbere avuga ati: “Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye, canywesheje amahanga yose ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco bukomeye.”


Ca gisagara gikuru gica cigaburamwo gutatu, ibisagara vy’amahanga birasenyagurika. Maze Imana yibuka ivyaha vya Babiloni igisagara gihambaye, ica ikinywesha ku gikombe cuzuye umuvinyu w’uburake bwayo buteye ubwoba.


Arya mahembe cumi wabonye, ni abami cumi batarahabwa ubwami, ariko bazohabwa ububasha bamare ikiringo c’isaha imwe baganje hamwe na ca gikoko.


Nibabona umwotsi w’ugutongorwa kwaco, bazovuga bati: “Mbega hari igisagara cari gihambaye nk’iki?”


Bazokwisuka umukungugu ku mitwe, barire, bagandare, bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, kimwe catungisha abafise amato ku kiyaga! Mu kanya isase, gihindutse ubugaragwa!


Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye, kizokubitwa hasi biteye ubwoba, kandi ntikizosubira kuboneka.


None rero ku musi umwe, kizohwikirwa n’ivyago: urupfu, ikigandaro n’ikigoyi. Kizotongorwa n’umuriro, kuko Umwami Imana agiciriye urubanza ari umunyabushobozi.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan