Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 17:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Uwo mugore yari yambaye impuzu z’agaciro zitukura, kandi yari ashazishije inzahabu n’utubuye tw’igiciro, hamwe n’imaragarita. Mu minwe yari afise igikombe c’inzahabu cuzuye ibiterasoni n’ibihumanya bivuye ku busambanyi bwiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 17:4
22 Iomraidhean Croise  

Hanyuma uwundi mumarayika agira kabiri aca akurikira uwo wa mbere avuga ati: “Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye, canywesheje amahanga yose ku muvinyu w’ubusambanyi bwaco bukomeye.”


Cahora kibagurira ibidandazwa bigizwe n’inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro n’utubuyenge; impuzu zera nziza, izitukura n’izisa n’agahama nziza; ivyakozwe mu biti bimota neza, ivyakozwe mu masenge y’inzovu, ivyabajwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, ivyacuzwe mu butare bw’umwakaka no mu vyuma hamwe n’amabuye abajwe.


bavuga bati: “Ibara! Ibara riraguye kuri ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu z’igiciro kinini, izitukura n’iz’agahama, gishazishije inzahabu n’amabuye y’agaciro n’utubuyenge.


kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Imiryango y’amarembo uko ari cumi n’ibiri yari ikozwe mw’imaragarita cumi na zibiri, umuryango umwumwe wose wari ukozwe mw’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu zivugutiwe, rikabonerana nk’ibiyo.


Ntibigeze kandi bihana ubwicanyi, amareba, ubusambanyi n’ubusuma.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan