Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 16:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Basheshe amaraso y’abera bawe n’abavugishwa bawe, none ubahaye amaraso ngo banywe. Ni yo mpera bakwiriye.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 16:6
25 Iomraidhean Croise  

Kuko uko ucira imanza abandi ni ko n’Imana na yo izorugucira, kandi uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa.


Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi ujwejwe vyinshi azobazwa vyinshi.


Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye.


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


“Uwagenewe kujanwa nk’inyagano, azojanwa nk’inyagano. Uwagenewe kwicishwa inkota azokwicwa n’inkota.” Ibi bisigura ko abera b’Imana bategerezwa kwihangana cane bakagumana ukwizera.


Gica gihabwa ububasha bwo guha ubuzima ca gishushanyo ca ca gikoko ca mbere, kugira ngo gishobore kuvuga no kwica abo bose bazoba banse kugisenga.


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Muri co habonetse amaraso y’abavugishwa n’ay’abera b’Imana, hamwe n’ay’abandi bose biciwe kw’isi.”


kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan