Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 16:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Umumarayika wa gatanu na we asuka ivyari mu rwavya rwiwe ku ntebe y’inganji ya ca gikoko, ubwami bwaco buca bwuzura umwijima. Ababubamwo bihekenya indimi kubera imibabaro barimwo,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubgami ya ca gikōko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 16:10
22 Iomraidhean Croise  

babate mw’itanure ryaka umuriro; aho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.


babaterere mw’itanure ryaka umuriro, ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.”


Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro.’


Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro mwinshi.”


mu gihe abari bateguriwe ubwo bwami bazoba baterewe hanze, mu mwijima aho bazokwama baboroga kandi bahekenya amenyo kubera umubabaro.”


Ni ho hazoba amarira no guhekenya amenyo kubera umubabaro, nimwabona Aburahamu, Isaka na Yakobo n’abavugishwa bose mu Bwami bw’Imana, namwe muterewe hanze.


Mwubahe umuntu wese, mukunde bene Data, mutinye Imana, mwubahe umwami.


Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.


Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.


Imivyimba yabo izorambikwa kw’ibarabara rya ca gisagara gikuru, kimwe mu mpwemu kigereranywa na Sodomu canke na Egiputa, ico Umwami wabo yabambwemwo.


Kuko Imana yashize mu mitima yavyo gushitsa ivyo ishaka, bizokwemeranya guha ububasha bwavyo ca gikoko, gushitsa amajambo y’Imana ashikijwe.


Gutahura ibi bisaba umutima w’ubwenge: Arya mahembe indwi ni imitumba indwi uwo mugore yicayeko, kandi yerekana kandi abami indwi.


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “ ‘Kirasenyutse! Kirasenyutse Babiloni, igisagara gihambaye!’ Ubu gihindutse inzu y’abadayimoni, ubwihisho bw’impwemu zihumanye zose, ubwihisho bw’inyoni zihumanye zose, n’ubwihisho bw’ibikoko bihumanye kandi bisesema vyose.


Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye, kizokubitwa hasi biteye ubwoba, kandi ntikizosubira kuboneka.


Nta muco w’amatara uzosubira gukayangana muri wewe. Nta majwi y’umukwe n’umugeni azosubira kwumvikana muri wewe. Abadandaza bawe bari rurangiranwa kw’isi. Amahanga yose yazimijwe n’amareba yawe.


Umumarayika wa kane avugije inzamba yiwe, Imana ica ikubita ica gatatu c’izuba n’ica gatatu c’ukwezi n’ic’inyenyeri maze umuco wavyo uca uhinduka umwijima. Bica bituma ica gatatu c’umusi n’ica gatatu c’ijoro na vyo bihinduka umwijima.


Yuguruye ico cobo, haca hapfunduka umwotsi umeze nk’uw’itanure rinini, maze izuba n’ikirere bica bitakaza umuco wavyo kubera uwo mwotsi.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan