Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 16:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero ribwira ba bamarayika indwi riti: “Nimugende, musuke uburake bw’Imana buri mu nzavya indwi kw’isi.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw isi izo nzavya ndwi z’uburake bg’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 16:1
17 Iomraidhean Croise  

Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.”


Uwundi mumarayika, yari afise ububasha ku muriro, aza avuye ku gicaniro, ahamagara umwe afise umuhoro ukarishe n’ijwi rirenga avuga ati: “Fata umuhoro wawe ukarishe, usorome inzabibu zo mu ruzabibu rwo kw’isi, kuko inzabibu zireze.”


Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.


Umumarayika w’indwi aca asuka ivyari mu rwavya rwiwe mu kirere, maze mu rusengero humvikana ijwi riva ku ntebe y’inganji, rivuga riti: “Birarangiye!”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan