Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 15:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Kimwe mu binyabugingo gica giha ba bamarayika indwi inzavya indwi zuzuyemwo uburake bw’Imana ihoraho.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 15:7
13 Iomraidhean Croise  

kuko na bo nyene ubwabo bama bavuga ukuntu mwatwakiriye neza, n’ukuntu mwahevye ibigirwamana mugahindukirira Imana nzima kandi y’ukuri.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!


na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana, wasutswe mu gikombe c’ubushangashirwe bw’Imana utavanze. Azobabarizwa mu muriro n’ibizuku vyaka imbere y’abamarayika n’imbere ya wa Mwagazi.


Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.


Umumarayika wa mbere aragenda asuka ivyari mu rwavya rwiwe kw’isi. Haca haduka ibisebe bibi kandi bibabaza ku bantu bari bafise ikimenyetso ca ca gikoko bagasenga n’igishushanyo caco.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari basutse ivyago indwi, aranyegera ambwira ati: “Ingo ndakwereke igihano kizohabwa wa mumaraya ahambaye, aganje ibiyaga vyinshi.


Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise inzavya indwi zarimwo ivyago indwi vya nyuma araza ambarira ati: “Ingo ndakwereke umugeni, ari we mugore wa wa Mwagazi w’intama.”


ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:


Umaze kuwakira, vya binyabugingo bine na ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere yawo. Umwe wese muri bo yari afise inanga, kandi bari bafise inzavya zikozwe mu nzahabu zuzuye ibimota neza, ari yo masengesho y’abera.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan