Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 15:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi baca barasohoka bava mu rusengero. Bari bambaye impuzu zera derere zitanduye, bakenyeje imikanda y’inzahabu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 hasohoka ba bamarayika ndwi bava mur’ urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 15:6
9 Iomraidhean Croise  

Bakizazaniwe haca haboneka abagabo babiri bambaye impuzu zica ibibatsi, bahagarara i ruhande yabo.


kandi hagati muri vyo hari hahagaze uwusa n’Umwana w’Umuntu, yambaye ikanzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.


Haca haza uwundi mumarayika avuye mu rusengero, arasemerera abwira umwe yicaye ku gicu ati: “Bangura umuhoro wawe wimbure, kuko igihe co kwimbura kirageze, ivyimburwa vyo kw’isi bireze.”


Uwundi mumarayika asohoka avuye mu rusengero mw’ijuru, kandi na we nyene yari afise umuhoro ukarishe.


Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.


Impuzu zera, zimesuye kandi zikayangana, ni zo yahawe ngo yambare.” Impuzu zera zisigura ibikorwa vyiza vy’ukugororoka vy’abera b’Imana.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan