Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 15:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ni nde atazogutinya ga Mwami, ngo aheshe icubahiro izina ryawe? Ni wewe wenyene wera. Amahanga yose azoza, apfukame imbere yawe agusenge, kuko ibikorwa vyawe vy’ukugororoka vyaramenyekanye.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 15:4
44 Iomraidhean Croise  

Vyongeye, yazanywe no kugira ngo n’Abanyamahanga na bo bahabwe akaryo ko guhimbaza Imana kubera imbabazi zayo, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ni co gituma nzogutazira mu Banyamahanga; nzotazira izina ryawe mu ndirimbo.”


kuko n’Ivyanditswe bivuga ngo: “Mube abera nk’uko nanje ndi uwera.”


Umumarayika w’indwi avugije inzamba yiwe, haca humvikana ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Ubwami bwo kw’isi buhindutse ubw’Umwami Imana na Kristo wiwe, kandi azoganza ibihe bidashira.”


Avuga n’ijwi rirenga ati: “Mutinye Imana kandi muyihe icubahiro, kuko igihe cayo co guca imanza kirashitse. Musenge iyaremye ijuru n’isi, ibiyaga n’amasoko y’amazi.”


Nca numva umumarayika yari afise ububasha ku mazi avuga ati: “Wewe Wera, uwuriho kandi wamyeho, uragororotse mu guca imanza nk’izi.


Nca numva igicaniro cishura giti: “Egome, Mwami Imana Mushoboravyose, imanza zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse.”


kuko imanza zayo ni iz’ukuri kandi ziragororotse. Yaciriye urubanza wa mumaraya akomeye, umwe yononesha isi ubusambanyi bwiwe. Yaramwihoye ku bw’amaraso y’abakozi bayo.”


Impuzu zera, zimesuye kandi zikayangana, ni zo yahawe ngo yambare.” Impuzu zera zisigura ibikorwa vyiza vy’ukugororoka vy’abera b’Imana.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”


Basemerera n’ijwi rirenga bati: “Uzogeza ryari, Mwami uganje, uwera kandi uw’ukuri, uzorindira gushika ryari, kugira ngo ucire ababa kw’isi imanza, uhore amaraso yacu?”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan