Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 13:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Gica gihabwa ububasha bwo kugwanya abera b’Imana no kubanesha. Congera gihabwa n’ububasha bwo kuganza imiryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Gihabga kurwanya abera no kubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 13:7
20 Iomraidhean Croise  

Aramubwira ati: “Ndaguha kuganza ubwo bwami, nguhe n’ubwiza bwabwo bwose, kuko narabuhawe kandi nshobora kubuha uwo nshatse.


Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari umfiseko iyo utabuhabwa n’Imana. Ni co gituma uwakunshikirije yakoze icaha kiruta icawe.”


Hanyuma nca numva ijwi rimbwira riti: “Utegerezwa kuvugishwa kandi ku moko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n’abami benshi.”


Amahanga yari yuzuye ishavu, ariko uburake bwawe buraje. Igihe kirageze co gucira urubanza abapfuye, no guha impera abakozi bawe ari bo bavugishwa, n’abubaha izina ryawe bose, abahambaye n’aboroshe, no kurandura abarandura isi.”


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.


Wa mumarayika aca ambwira ati: “Birya biyaga wabonye wa mumaraya yari yicayeko, ni amasinzi y’abantu bo mu mahanga yose no mu ndimi zose.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan