Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 13:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Ku mutwe umwe w’ico gikoko hari igikomere giteye ubwoba, cashobora kucica, ariko ico gikomere gica kirakira. Maze isi yose itangarira cane ico gikoko, iranagikurikira.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Muri ya mitwe yaco mbonamw’ umwe usa n’ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira ico gikōko bagitangarira.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 13:3
15 Iomraidhean Croise  

Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.


Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Na Simoni na we arabatizwa, akurikira Filipo aho yaja hose, atangarira ibimenyetso n’ibitangaza Filipo yakora.


Cari gifise ububasha bwa ca gikoko ca mbere, kirakiganziriza. Gica gitegeka isi yose n’abantu bose bayibako gusenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere giteye ubwoba.


Kubera ubwo bubasha cahawe bwo gukora ibimenyetso n’ibitangaza ku bwa ca gikoko ca mbere, kizimiza ababa kw’isi. Gitegeka ababa kw’isi gukora igishushanyo ca ca gikoko ca mbere cari carakomerekejwe cane n’inkota, ariko kigakira.


Batanu muri bo baratembagajwe, umwe araganje, uwundi ntaraza, ariko niyaza, inganji yiwe izoba iyo umwanya muto cane.


Kirya gikoko cabayeho ariko ubu kikaba kitariho ni umwami agira umunani. Ni umwe muri bamwe indwi kandi na we nyene agiye kuranduka.


Abo cumi bose bafise intumbero imwe kandi bazoha ca gikoko ububasha n’ubushobozi vyabo.


Kuko Imana yashize mu mitima yavyo gushitsa ivyo ishaka, bizokwemeranya guha ububasha bwavyo ca gikoko, gushitsa amajambo y’Imana ashikijwe.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan