Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 13:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Hanyuma nca mbona ikindi gikoko gisokorotse kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri ameze nk’ay’intama, ariko cavuga nk’igisato.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kandi mbona ikindi gikōko gisokorotse mw isi: gifise amahembe abiri nk’ay’ umwagazi w’intama, kivuga nk’igisato.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 13:11
17 Iomraidhean Croise  

Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma, baza muri mwebwe bambaye nk’intama inyuma, ariko imbere muri bo bameze nk’ibikoko vy’inkazi.


Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.


Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.


Baheje gushinga intahe, ca gikoko c’i kuzimu kizobatera, kibaneshe, hanyuma kibice.


Maze ca gisato gica cuzura ubushangashirwe ku bw’uwo mugore, gica kija gutera intambara abasigaye bo mu ruvyaro rwiwe. Abo ni abitondeye amabwirizwa y’Imana bakama bashingira intahe Yesu.


Ca gisato gica gihagarara ku musenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. Hanyuma nca mbona igikoko gisokorotse kiva mu kiyaga. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi; ihembe ryose ryariko urugori, kandi ku mutwe wose hari handitseko izina ricokora Imana.


kugira ngo ntihagire n’umwe ashobora gusuma canke kudandaza atagifise. Ico kimenyetso ni izina rya ca gikoko canke igiharuro gihagarariye izina ryaco.


Abantu bose basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, basenga na ca gikoko bavuga bati: “Ni nde ahwanye n’ico gikoko? Ni nde yokigwanya akakinesha?”


Nca mbona impwemu mbi zitatu zimeze nk’ibikere, ziva mu kanwa ka ca gisato, n’aka ca gikoko, n’aka wa muvugishwa w’ibinyoma.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Kirya gikoko wabonye, carigeze kubaho ariko ubu ntikikiriho, ariko kizogaruka vuba kivuye i kuzimu, kije kurandurwa. Ababa kw’isi batandikishije amazina yabo mu gitabu c’ubugingo kuva isi ikiremwa bazotangara nibabona ico gikoko, kuko cigeze kubaho, ubu kikaba kitakiriho, hanyuma kikazoba kizogaruka.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan