Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 12:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 None rero nimunezerwe mwa majuru, hamwe namwe ibiyabamwo mwese. Ariko haragowe isi n’ibiyaga, kuko wa mubi yabikororewemwo! Yuzuye uburake bwinshi, kuko azi ko asigaje igihe gito.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’ Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 12:12
18 Iomraidhean Croise  

Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”


“Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”


Kuko, “Hasigaye igihe gito, uwugira aze azoza, kandi ntazoteba.”


Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.


Aca ararahira mw’izina ry’Imana ibaho ibihe vyose, yaremye amajuru n’ibiyabamwo, isi n’ibiyirimwo n’ibiyaga n’ibibibamwo, ati: “Nta mwanya wo kurindira ugisigaye!


Abazoba baba kw’isi bose bazonezerezwa n’urupfu rwabo, bagire imisi mikuru. Bazohana utuganuke bigina urupfu rw’abo bavugishwa bahora batera ivyago ababa kw’isi.


Ico cari icago ca kabiri kirangiye, ariko ica gatatu cagira gishike.


Ca gisato, ari co kiyoka ca kera citwa Umubi canke Satani, uwuzimiza isi yose, gikororerwa kw’isi n’abamarayika baco bose.


Nuko gica gitangura kuvuga amajambo mabi yo gucokora Imana, no gutuka izina ryayo, n’aho iba, n’ababa mw’ijuru.


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”


Icago ca mbere kiraheze. Ariko hari bibiri bigiye kuza vuba.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan