Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 12:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze haboneka ikimenyetso gihambaye mw’ijuru, c’umugore yambaye izuba, ukwezi kuri musi y’ibirenge vyiwe, afise n’urugori rw’inyenyeri cumi na zibiri ku mutwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw ijuru: umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y’ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c’inyenyeri cumi na zibiri:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 12:1
35 Iomraidhean Croise  

Hanyuma bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baramubwira bati: “Mwigisha, dushaka ko uduha ikimenyetso cerekana ububasha bwawe.”


Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana kugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu aje ku bicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.


inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, kandi n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’


Hazoba ukunyiganyiga kw’isi gukomeye kandi guteye ubwoba; hazotera amapfa n’ingwara z’ivyaduka mu ntara zitandukanye. Hazoba ibiteye ubwoba n’ibimenyetso bihambaye biva mw’ijuru.


Hazoba ibimenyetso ku zuba, ku kwezi no ku nyenyeri. Kw’isi na ho, amahanga azogira ubwoba abure uko agira, kubera ukubomborana kw’amazi yo mu biyaga hamwe n’imipfunda.


Erega umugeni ni uw’umukwe. Ariko umugenzi ahagarikiye umukwe amuhagarara i ruhande akamwumviriza, akanezerwa no kwumva ijwi ryiwe. Uwo ni wo munezero wanje kandi uruzuye.


Nzokwerekana ibitangaza hejuru kw’ijuru n’ibimenyetso hasi kw’isi: amaraso, umuriro, n’ugupfunduka kw’umwotsi.


Ahubwo, murondere gusa n’Umwami Yesu Kristo, aho kwitaho imibiri yanyu ngo mushitse ivyo yipfuza.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Mfise ipfuhe ryinshi mu Mana ku bwanyu. Nabemereye ko muzogira ubukwe n’umugabo umwe gusa, ari we Yesu Kristo, kugira ngo nzobashikane imbere yiwe muri inkumi zitagira agatosi.


kuko ababatijwe muri Kristo mwese mwambaye Kristo.


Ariko uwundi mugore, ari we Sara, agereranywa na Yerusalemu wo mw’ijuru. Ni umugore yidegemvya, kandi ni we mama atuvyara.


Ariko jewe sinkagire ikindi nishimira atari umusaraba w’Umwami wacu Yesu Kristo. Ku bw’uwo, kuri jewe isi irabambwe, kandi nanje kuri yo ndabambwe.


Iri ni ibanga rihambaye; ariko ni ishusho nziza yerekana ivya Kristo n’ishengero.


Iyi ni yo nsiguro y’ikinyegezwa c’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Haca haboneka n’ikindi kimenyetso mw’ijuru, c’igisato kinini gitukura gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, n’urugori ku mutwe umwe umwe wose.


Hanyuma mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi gitangaje. Hari abamarayika indwi bafise ivyago indwi vya nyuma, bizorangiza uburake bwose bw’Imana.


Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.


Muri ico gisagara nta zuba canke ukwezi bikenewe vyo kuhamurikira, kuko ubwiza bw’Imana buhamurikira, kandi Umwagazi w’intama akaba ari we tara ryaho.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan