Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 11:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ariko ibaraza ry’inyuma y’urusengero nturipime kuko ni iry’Abanyamahanga. Bazomara amezi mirongo ine n’abiri bahonyanga igisagara cera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 11:2
32 Iomraidhean Croise  

Bava mu mva, kandi Yesu amaze kuzuka, binjira i Yerusalemu, igisagara cera, babonekera abantu benshi.


Hanyuma wa mubi amujana i Yerusalemu, igisagara cera, amuhagarika ku rusengero ahantu hataramutse,


Muri umunyu mu bantu bo mw’isi. Ariko iyo umunyu utakaje uburyohe bwawo, mbega bwowusubiramwo gute? Nta co uba ukimaze atari ugutabwa hanze abantu bakawucako.


Benshi muri bo bazokwicishwa inkota, canke batwarwe nk’inyagano mu mahanga yose yo kw’isi. Igisagara ca Yerusalemu kizohonyangwa n’Abanyamahanga kugeza igihe Abanyamahanga bagenewe kirangiye.


Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye.


Ariko inyuma y’imisi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima iva ku Mana ibinjiramwo, baca barahaguruka kandi ababibonye bose bafatwa n’ubwoba bwinshi.


Nanje nzoha ububasha ivyabona vyanje bibiri, na bo bazomara imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu, bavugishwa bambaye amagunira.”


Wa mugore aca ahungira mu bugararwa aho Imana yamuteguriye ngo amare imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongo itandatu agaburirirwaho.


Aca anjana muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana.


Nca mbona n’Igisagara Cera, Yerusalemu nshasha, yururuka ivuye mw’ijuru ku Mana, uteguwe nk’umugeni yambitswe neza, ateguriwe umugabo wiwe.


Kandi nihagira ico agabanije ku majambo y’ubuvugishwa ari muri uwu muzingo w’igitabu, Imana izomwaka umugabane wiwe ku giti c’ubugingo no mu Gisagara Cera vyavuzwe muri iki gitabu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan