Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 11:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Maze mpabwa irenga, riringanijwe nk’iryo gupimisha uburebure, nca mbwirwa ngo: “Genda upime urusengero rw’Imana n’igicaniro, wongere uharure n’abaza kuhasengera.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’igicaniro n’abarusengeramwo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 11:1
15 Iomraidhean Croise  

Mbega Imana hari ico yohurirako n’ibigirwamana? Turi ingoro y’Imana, kandi Imana yavuze iti: “Nzoba muri bo nongere ngendane na bo. Nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.”


Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


Hanyuma nca numva ijwi rimbwira riti: “Utegerezwa kuvugishwa kandi ku moko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n’abami benshi.”


Wa mumarayika yamvugisha yari afise ico gupimisha gikozwe mu nkoni y’inzahabu, kugira ngo apime igisagara, amarembo yaco, n’inzitiro zaco.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan