Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 10:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Hanyuma nca numva ijwi rimbwira riti: “Utegerezwa kuvugishwa kandi ku moko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n’abami benshi.”

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 10:11
13 Iomraidhean Croise  

Nuko nakira wa muzingo mutoya w’igitabu ndawukuye mu kiganza ca wa mumarayika, nca ndawurya. Mu kanwa wasosa nk’ubuki, ariko maze kuwumira, uca ucika umururazi mu nda.


Maze mpabwa irenga, riringanijwe nk’iryo gupimisha uburebure, nca mbwirwa ngo: “Genda upime urusengero rw’Imana n’igicaniro, wongere uharure n’abaza kuhasengera.


Kumara imisi itatu n’igice, abantu bo mu mahanga yose, mu moko yose no mu ndimi zose bazokwihweza imivyimba yabo kandi nta n’umwe bazokwemerera kubahamba.


Hanyuma nca mbona uwundi mumarayika aguruka mu kirere, atwaye Ubutumwa Bwiza agiye kubwira abari mw’isi mu moko yose, mu miryango yose, mu ndimi zose no mu mahanga yose.


Batanu muri bo baratembagajwe, umwe araganje, uwundi ntaraza, ariko niyaza, inganji yiwe izoba iyo umwanya muto cane.


Arya mahembe cumi wabonye, ni abami cumi batarahabwa ubwami, ariko bazohabwa ububasha bamare ikiringo c’isaha imwe baganje hamwe na ca gikoko.


Wa mumarayika aca ambwira ati: “Birya biyaga wabonye wa mumaraya yari yicayeko, ni amasinzi y’abantu bo mu mahanga yose no mu ndimi zose.


Baca baririmba indirimbo nsha, bavuga bati: “Urabereye kwakira uwo muzingo w’igitabu no kumena ibiwumatanije, kuko wishwe, amaraso yawe agacungurira Imana abantu bavuye mu miryango yose, mu ndimi zose, mu bwoko bwose no mu mahanga yose.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan