Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 10:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 10:1
28 Iomraidhean Croise  

Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Inyuma y’ivyo, umuntu wese azobona Umwana w’Umuntu aje ku gicu, afise ububasha n’ubwiza butangaje.


Maze ga mwami, nko kw’isaha ya gatandatu y’umurango, ndi mu nzira ngenda, mbona umuco mwinshi uva mw’ijuru, uruta uw’izuba, uturasira impande zose twe n’abo twari kumwe.


“Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucimise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.


Inyuma y’ivyo nca mbona uwundi mumarayika yururuka ava mw’ijuru. Yari afise ubushobozi bwinshi kandi isi yari imurikiwe n’ugukayangana kwiwe.


Hanyuma umumarayika w’inkomezi aca atora ibuye rimeze nk’urusyo runini, ariterera mu kiyaga, avuga ati: “Uku ni ko Babiloni, igisagara gihambaye, kizokubitwa hasi biteye ubwoba, kandi ntikizosubira kuboneka.


Hanyuma mbona umumarayika yururuka ava mw’ijuru, afise impfunguruzo z’i kuzimu, afise umunyororo munini mu minwe.


Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Yasipi hamwe n’iryitwa Sarudiyo. Kandi iyo ntebe yari izungurutswe n’umunywamazi usa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Simaragido.


Nongera mbona n’umumarayika w’inkomezi asemerera n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye kumena ibintu indwi bimatanije uwu muzingo w’igitabu no kuwugurura?”


Ndavye kandi, nca numva inkona igurukira kure mu kirere ivuga n’ijwi rirenga iti: “Baragowe, baragowe, baragowe ababa kw’isi ku bw’ibizoba abamarayika batatu ba nyuma nibavuza inzamba!”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan