Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Ivyahishuwe 1:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa wakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Ivyahishuwe 1:15
11 Iomraidhean Croise  

Hanyuma mbona uwundi mumarayika w’inkomezi yururuka ava mw’ijuru. Yari yambaye igicu, umunywamazi ukaba hejuru y’umutwe wiwe. Mu maso hiwe hari hameze nk’izuba, amaguru yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro.


Nca numva ijwi rivuye mw’ijuru risamirana nk’amazi y’isumo rinini, kandi rivuga nk’umuturagaro uteye ubwoba. Iryo jwi numvise ryari rimeze nk’iry’abacuraranzi bacuraranga inanga.


Nca numva amajwi avuga nk’ay’abantu amasinzi n’amasinzi, avuga nk’imipfunda yo mu kiyaga ikomeye, agaturagara nk’inkuba, avuga ati: “Haleluya! Umwami wacu Imana Mushoboravyose iraganje.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan