13 Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
13 Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
Yesu aramubwira ati: “Ingo.” Petero aca ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.
Nimwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, muze musabe ico mushaka cose, kandi muzogihabwa.
Nsaba Imana ko bivuye ku butunzi butagira urugero bw’ubwiza bwayo, yobakomeza mu Mpwemu, mu kubaha ubushobozi biciye muri Mpwemu wayo,
Ijambo rya nyuma: mukomere mu Mwami wacu no mu bushobozi bwiwe bwinshi.
Turanabasengera ngo mukomezwe n’ubushobozi bwose bw’ubwiza bwiwe, kugira ngo mushobore kwihanganira vyose no kurindirana umunezero,
Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.