Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 3:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Azofata umubiri wacu w’intege nke kandi upfa, awuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 3:21
18 Iomraidhean Croise  

Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi.


Aho Kristo, we bugingo bwanyu azoserukira, namwe muzoserukana na we muri mu bwiza.


Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi n’uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.


“Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan