Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru ati: “Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.”
Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kirete caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.
Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka.