Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ngo ndamumenye, mmenye n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe, n’ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n’urupfu rwiwe,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 3:10
34 Iomraidhean Croise  

Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye.”


Nta muntu n’umwe ashobora kubunyaka, ndabutanga ari uko ndabishatse. Mfise ubushobozi bwo kubutanga n’ubwo kubwakira gushasha. Iki ni co Data yantegetse gukora.”


Ubu ni bwo bugingo budashira: ko bakumenya wewe, Imana y’ukuri yonyene, na Yesu Kristo, uwo watumye.


Kandi ko turi abana, turi n’abaragwa: turi abaragwa b’Imana, abaraganwa na Kristo. Ariko nimba dushaka gusangira na we ubwiza bwiwe, dutegerezwa gusangira n’umubabaro wiwe na wo.


Kuko Imana yabamenye kera, ibatoraniriza gusa n’Umwana wayo imbere y’igihe, kugira ngo abe imfura muri bene Se benshi.


Nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Kubera wewe, twama tugeramiwe n’urupfu umwanya wose; dufatwa nk’intama zijanywe kubagwa.”


Ni yo yadukijije ayo makuba yari kutwica, kandi ni yo izokwama idutabara. Muri yo ni ho twashize ivyizigiro vyacu kandi twizera ko izokwama idutabara.


Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we.


Naho yabambwe ari umunyantege nke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Uhereye ubu, ntihakagire umuntu yongera kungora, kuko mfise inkovu za Yesu ku mubiri wanje.


Ivyo bikwiye kubandanya bikorwa kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe mu kwizera no mu kumenya neza Umwana w’Imana, no gukura kugeza dushike ku rugezo rwo kunengesera kwa Kristo.


Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,


Ubu nezererewe imibabaro ndiko ndacamwo ku bwanyu. Mu mubiri wanje, ndiko ndashitsa ibisigaye ku mibabaro ya Kristo ku bw’umubiri wiwe, ari ryo Shengero.


Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,


None rero ko mwazuranywe na Kristo, mushire imitima yanyu ku biri mw’ijuru, aho Kristo yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,


Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.


Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.


Ndi Uwuriho; nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan