Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe, yambara ishusho y’umugurano, acika uwusa n’abantu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 2:7
31 Iomraidhean Croise  

“Ng’uwu umukozi wanje natoranije, uwo nkunda kandi umutima wanje unezerererwa. Nzomushirako Mpwemu wanje, na we azomenyesha amahanga ivy’ubutungane.


kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Yesu arabishura ati: “Ni ukuri, Eliya ategerezwa kubanza kuza kugira ngo asubize vyose mu buryo. None ni kuki handitswe ko Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa cane akongera agasuzugurwa?


Mbega hagati y’uwuri ku meza afungura n’umukozi amutegurira imfungurwa ni nde mukuru? Mbega si uwicaye ku meza? Ariko jewe ndi hano muri mwebwe nk’uwubakorera.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,


Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”


Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.


Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.


Naho yabambwe ari umunyantege nke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.


Kuko muzi ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, ko n’aho yari umutunzi wa vyose, yigize umukene ku bwanyu kugira ngo mu bukene bwiwe mube abatunzi.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


We, naho yari Imana, ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.


Duhange amaso Yesu Kristo, we yatanguje ukwizera kwacu akaba ari na we agushitsa ku gutungana. Umunezero yashizwe imbere ni wo watumye yihanganira umusaraba n’isoni zawo. Ubu yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’inganji y’Imana.


Mwibuke abari mu mabohero, nk’aho mwoba muri kumwe na bo mw’ibohero. Mwibuke abababazwa nk’aho namwe mwumva ububabare bwabo mu mibiri yanyu.


Umuherezi mukuru dufise ashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu. Mbere yaciye mu mageragezwa twese ducamwo, ariko we nta caha yakoze.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan