Filipi 2:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe7 Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe, yambara ishusho y’umugurano, acika uwusa n’abantu. Faic an caibideilBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)7 ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu. Faic an caibideil |
Ivyagezwe vya Mose ntivyashobora gukora ivyo, kubera intege nke za kamere kacu k’icaha. Ico ivyagezwe bitashoboye gukora, Imana yagikoze mu gutuma Umwana wayo, yaje afise umubiri nk’uw’umunyavyaha kugira ngo abe ikimazi c’ivyaha. Kandi muri uwo mubiri, Imana irangiza ububasha icaha cari kidufiseko mu kuwutanga nk’ikimazi c’ivyaha vyacu; gutyo icira urubanza icaha mu mubiri.