Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 2:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 2:25
19 Iomraidhean Croise  

Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyishi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amotesha neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.


Mwabubwiwe na Epafura, umukozi w’Imana dukunda kandi dusangiye igikorwa, akaba n’umukozi wa Kristo w’umwizigirwa abakorera.


Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.


kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.


Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu.


duca tubarungikira Timoteyo ngo abagendere. Ni mwene Data akorera Imana hamwe natwe mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bwa Kristo. Tumurungitse kugira ngo abakomeze, yongere abaremeshe mu kwizera kwanyu,


Yesu yitwa Yusito, na we nyene arabaramutsa. Abo ni bo bonyene bo mu Bayuda dukorana ivy’Ubwami bw’Imana, kandi bambereye indemeshanyo ikomeye cane.


Ariko nagumanye umutima uhagaze kuko ntasanzeyo mwene Data Tito. Ni co gituma naciye ndabasezera nkaja i Makedoniya.


Nk’uko wantumye mw’isi, nanje ndabatumye mw’isi.


Ndababwire ukuri, umukozi ntaruta shebuja, kandi intumwa ntiruta uwayitumye.


Muntahirize Pirisila na Akwilasi, abakoranye nanje igikorwa ca Kristo Yesu.


Muntahirize Uribano, uwo dusangiye igikorwa muri Kristo, na Sitakusi nkunda cane.


Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yarwaye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan