21 Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo.
21 Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo.
Hanyuma Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Umuntu wese agomba kuba umwigishwa wanje, ategerezwa kwiheba, akikorera umusaraba wiwe, akankurikira.
“Uwugomba kunkurikira ariko ntiyanke se, canke nyina, canke umugore wiwe, canke abana, canke abo bavukana, ndetse n’ubuzima bwiwe na bwo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu.
ariko Pawulo we abona ko bitabereye ko bojana kuko yigeze kubata i Pamfiliya, ntiyabandanyana na bo mu gikorwa.
Ntihakagire uwurondera ineza yiwe gusa, ariko twiteho no kugirira abandi neza.
Na jewe ngerageza kunezereza bose mu vyo nkora vyose. Simpfa gukora ibimpimbara, ariko nkora ibihimbara abandi kugira benshi bashike ku gakiza.
Ruriyoroheje, ntirurondera inyungu zarwo, ntirutwarwa n’ishavu, kandi ntirubika ikibi.
Kuko nk’uko turushirizaho gusangira imibabaro na Kristo, ni na ko tuzorushiriza gusangira ukwirurwa na we.
Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
Urazi ko abo muri Aziya bose bantaye, harimwo Figelusi na Heremogeni.
Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ivyejejwe.
kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko yakunze ivy’iyi si. Kireseni yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.
Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko.