3 Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.
3 Nshima Imana yanje, uko mbibutse kwose,
Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.
Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.
Mbega ni gute twoshimira Imana bikwiye umunezero dufise ku bwanyu?
Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.
Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenga ijoro n’umutaga.