Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 1:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Ivyo bizotuma ninagaruka iwanyu, muzorushiriza kunezerwa muri Kristo Yesu kubera ibikorwa vyiza ariko arakorera muri mwebwe.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 ngo muze murushirize kunyirata muri Kristo Yesu nsubiye kugaruka i wanyu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 1:26
14 Iomraidhean Croise  

Ni ko bimeze no kuri mwebwe: Iki ni igihe canyu c’umubabaro, ariko nitwasubira kubonana imitima yanyu izonezerwa, kandi nta n’umwe azoshobora kubatwara umunezero wanyu.


Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzohabwa, kugira ngo umunezero wanyu wuzure.


muzodutahura neza, n’aho mutadutahura neza ubu, ariko umusi Umwami Yesu azogarukirako, nk’uko natwe tubanezererewe.


Ntituriko turondera kwemerwa namwe kandi, ariko dushaka kubaha akaryo ngo mwirate ku bwacu, kugira ngo muronke ico mwishura abishimira ibikorwa bihambaye bigaragarira amaso y’abantu ariko bitari mu mitima yabo.


Naramubwiye ingene nabanezererewe, kandi ntimwigeze mumaramaza. Ariko nk’uko ivyo twababwiye vyose vyari ivy’ukuri, n’ukubirata kwacu kuri Tito kwari ukw’ukuri.


Ndabizeye cane kandi ndabanezererewe cane. Mwaranteye intege cane, kandi mu mibabaro yose naciyemwo, umunezero wanje urasesekaye.


Ariko Imana itera intege abihebuye yaduhoresheje ukuza kwa Tito.


Umwe wese yari akwiye kwisuzuma mu bikorwa vyiwe, kugira ngo asanze yakoze neza bimushimishe, ariko ntabanze kwigereranya n’abandi,


Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibingora gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza.


Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan