Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 1:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi ku bwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo!

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko namb’ ari kubaho mu mubiri, ico kizonyamira imbuto z’igikorwa, kandi sinzi ico mpitamwo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 1:22
14 Iomraidhean Croise  

None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.


Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.


Imana ntiyahevye abantu bayo yatoranije kuva kera. Mbega murazi ico Ivyanditswe Vyera bivuga kuri ivyo? Uwavugishwa n’Imana Eliya yareze Abisirayeli ku Mana ati:


Naho tuba muri iyi si, ntitugwana nk’ab’iyi si.


si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.


Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe,


ariko ku bwanyu, iciza ni uko nobandanya kubaho mu mubiri.


Ndashaka ko mumenya ukuntu ndabagwanira intambara ihambaye mwebwe n’ab’i Lawodikiya, hamwe n’abatarigera bambona na rimwe bose.


Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan