Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filipi 1:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Abo babikora kubera kunkunda, kuko bazi ko mbohewe hano kubera kugwanira Ubutumwa Bwiza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Abo babivugishwa n’urukundo, kuko bazi ko nashiriweho gukīranira ubutumwa bgiza:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filipi 1:16
13 Iomraidhean Croise  

Mvuze ubutumwa bivuye ku mutima ubikunze, ndonka impera. Ariko ndabuvuze umutima utabikunze, kuba ari ukwikurayo.


Twebwe ntituvuga ijambo ry’Imana turondera inyungu nk’uko benshi babigira. Ahubwo muri Kristo tuvuga ukuri kwo mu mitima yacu turi imbere y’Imana, nk’abatumwe na yo.


kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira.


Bene Data, ndashaka ko mumenya ko ivyanshikiye vyatumye Ubutumwa Bwiza butera buja imbere.


kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu.


Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.


Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi.


Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe,


Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan