Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filemoni 1:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 mpisemwo kukwinginga kubg’ urukundo, uko ndi kose Paulo umutāma, kandi none nd’imbohe ya Kristo Yesu.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filemoni 1:9
17 Iomraidhean Croise  

None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


None rero turi ivyariho vya Kristo, Imana iriko ibingingira muri twebwe. Natwe turabinginga mu gishingo ca Kristo ngo mwuzure n’Imana.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Mwese muri abana b’Imana kubera kwizera Kristo Yesu,


Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu ku bwa mwebwe Abanyamahanga,


Nuko, Jewe nk’imbohe y’Umwami, ndabinginga ngo mubeho ubuzima bubereye ihamagarwa ryanyu mwahamagawe n’Imana.


ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.


Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi, akambonamwo ubwizigirwa, akanzeza imirimo yiwe.


Wigishe abatama kutarenza urugero mu kintu na kimwe, kuba inyankamugayo, kuganza ingeso zabo, kuba bazima mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana.


Ariko canecane ndabinginze munsengere kugira ngo Imana ize inshoboze kugaruka iwanyu.


Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya imishaha yanyu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan