Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filemoni 1:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Ndakwinginze rero mwene Data ungirire ubwo buntu ku bw’Umwami; uremeshe umutima wanje muri Kristo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ego, mwene Data, nkubonemw’ ikimazi mu Mwami wacu: unduhure umutima muri Kristo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filemoni 1:20
14 Iomraidhean Croise  

Baranteye intege nk’uko babateye intege. Abantu nk’abo ni abo gushimira ku bw’ibikorwa vyiza bakora.


Kuko nimba narabateye umubabaro, hari abandi bazontera umunezero atari mwebwe nababaje?


Ivyo rero vyaraduteye intege. Kandi icongeye ku kuntu mwaduteye intege, twaranezerewe cane no kubona ingene Tito yari anezerejwe n’ukuntu mwaruhuye umutima wiwe.


Imana ni yo yomenya ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.


None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.


Ndamukurungikiye kandi umenye ko afise umutima nk’uwanje.


Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.


Mugamburukire abarongozi banyu kandi mukore ivyo babategeka, kuko barinda imitima yanyu, kandi bazobibazwa n’Imana. Muborohereze kugira ngo babikorane umunezero, ata mubabaro, kuko ivyo nta ciza vyobazanira.


Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?


Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan