12 Ndamukurungikiye kandi umenye ko afise umutima nk’uwanje.
12 Ni we nyene nkurungikiye, ni we mutima wanje.
Ariko imbere y’uko mutangura gusenga, mubanze mubabarire umuntu wese yabacumuyeko, kugira ngo So wo mw’ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu. [
Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.
Mugiranire neza kandi mubabarane, mwongere muharirane nk’uko Imana yabahariye muri Kristo.
Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe.
Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.