Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




Filemoni 1:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 ningingira umwana wanje Onesimo, uwo navyaye ndi mw’ibohero.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ndakwitwayeko ku mwana wanje Onesimo uwo navyariye mu minyororo yanje,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




Filemoni 1:10
14 Iomraidhean Croise  

Umwe muri ba bantu arishura ati: “Mwigisha, nakuzaniye umuhungu wanje, kuko aboshwe n’impwemu mbi ituma atavuga.


None rero bene Data, kubera izo mbabazi nyinshi Imana yatugiriye, ndabinginga ngo mushikanire Imana imibiri yanyu nk’ibimazi bifise ubugingo, vyejejwe kandi biyihimbara. Uko ni ko kuyisenga kwanyu kwoyihimbara.


Sindabandikiye ibi kugira ngo ndabamaramaze, ahubwo nipfuza kubaburira nk’abana banje nkunda cane.


Kuko naho mufise abarezi ibihumbi cumi muri Kristo, ntimufise ba so benshi, kuko ni jewe nabavyaje Ubutumwa Bwiza muri Kristo Yesu.


Bana banje nkunda, abo nama ndiko ndatera ibise n’ubu kuzoshika igihe Kristo azogaragarira neza muri mwebwe,


Azananye na Onesimo, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.


Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.


Ndakwandikiye Tito, umwana wanje vy’ukuri mu kwizera dusangiye: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Kristo Yesu Umukiza wacu bibane na we.


Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe.


Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.


Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan