Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




2 Petero 3:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 kugira ngo mwibuke amajambo yavuzwe kera n’abāvugishwa n’Imana bera, mwibuke n’icagezwe c’Umwami ni we Mukiza, cavuzwe n’abatumwa bābatumweko:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




2 Petero 3:2
20 Iomraidhean Croise  

(nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera),


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”


Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.


Ariko uko ni ko Imana yashikije ivyo yari yaravugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bose, ivuga ko Kristo akwiye kubabazwa.


Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse.


Mwikoreranire imitwaro, ni ho muzoba mushikije icagezwe ca Kristo.


Mwubatswe kw’itanguriro ry’intumwa n’abavugishwa, Kristo Yesu akaba ari we buye rigumya imfuruka.


ryari ryarahishijwe abantu bo mu bihe bitandukanye vyarenganye ariko ubu rikaba ryahishuwe na Mpwemu arihishurira intumwa n’abavugishwa bera b’Imana.


ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa.


Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.


Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.


Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.


Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.


Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan