Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




2 Petero 2:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza, no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa ku musi w’amateka,

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




2 Petero 2:9
22 Iomraidhean Croise  

Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.


Ntudutererane ibitugerageza, uhubwo udukize wa mubi. [Kuko Ubwami, ubushobozi n’ubwiza ari ivyawe ibihe vyose. Amen.]


Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.


Nta kibagerageza cabashikiye kidashikira abandi. Kandi Imana ni iyo kwizigirwa, ntizobareka ngo mugeragezwe n’ivyo mudashobora kwihanganira. Mu gihe co kugeragezwa, izobacira inzira kugira ngo mushobore kuvyihanganira.


Kanatsinda, uwuhisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uyo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan