Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




2 Petero 2:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




2 Petero 2:4
25 Iomraidhean Croise  

Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Bamubonye, abo badayimoni baca barasemerera bati: “Uturonderako iki ga Mwana w’Imana? Uje kutubabaza kandi igihe cacu kitaragera?”


Arasemerera n’ijwi rirenga ati: “Mbega undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze mw’izina ry’Imana ntunkubagure!”


Arababwira ati: “Nabonye Satani akoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru.


Ba badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Kuko nimba Imana itihanganiye Abayuda bagereranywa n’amashami y’ukuri, na wewe yohava itakwihanganira.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


ariko n’abamarayika, mbere basumvya abo bantu inkomezi n’ububasha, ntibubahuka kuvuga nabi no kwagiriza abameze batyo imbere y’Umwami Imana.


Kandi nimba itihanganiye isi ya kera igihe yarekurira umwuzure ku bantu b’ico gihe batubaha Imana, ariko igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, n’abandi ndwi gusa;


Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan