Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




2 Petero 1:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Mbere kubg’ iyo nyanduruko nyene, ubganyu mushiruke umwete wose; ukwizera kwanyu mukwongerekw ingeso nziza; ingeso nziza muzongerek’ ubgenge;

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




2 Petero 1:5
25 Iomraidhean Croise  

Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata wushobora kuva iyo ngo aze ino.’


natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye.


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Bene Data, ntimube nk’abana bato mu gutahura ibi. Mube abana bato ku bijanye n’icaha, ariko mube nk’abakuze mu gutahura ibintu nk’ibi.


Ntimube ibipfu, ariko mutahure ivyo Umwami abashakako ivyo ari vyo.


Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura,


Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,


Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.


Ni co gituma, kuva igihe twumviye ivyanyu, tudahengeshanya kubasengera, dusaba Imana ngo ibuzuze ukumenya ivyo igomba mu bwenge bwose n’ugutahura bitangwa na Mpwemu,


Muri we ni ho ubutunzi bwose bw’ubwenge no kumenya buhishijwe.


Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Ico twipfuza n’uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.


Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.


Nuko rero bene Data, murushirizeho kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,


kandi muzohabwa ikaze ikomeye cane mu bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.


Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.


Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan