Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 5:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 5:2
41 Iomraidhean Croise  

Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.


Ndazi ko ninamara kugenda hazokwaduka abigisha b’ibinyoma bameze nk’amabingira y’inkazi binjire muri mwebwe, kandi bazogirira nabi ubusho.


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


Ni co gituma, mfise inyota yo kubabwira Ubutumwa Bwiza namwe ababa i Roma.


Ni nde yoba umusoda hanyuma agategerezwa kwibeshaho? Ni nde yotera uruzabibu hanyuma ntarye ivyamwa vyarwo? Ni nde yoragira amasho hanyuma ntanywe amata yayo?


atari imborerwa kandi adasinda, ariko afise ubugwaneza, adatera ibihari, kandi adakunda amahera.


N’abadiyakoni na bo ni uko nyene, bategerezwa kuba abagabo bubashwe, b’imvugakuri, batavuga indimi zibiri, bataborerwa, kandi batirukira inyungu mbi.


Bakwiye kuzibwa iminwa kuko bariko basambura inzu y’Imana mu kwigisha ivyo batari bakwiye kwigisha, kandi ivyo babikora ku bw’inyungu zabo mbi.


Umwungere w’ishengero ajejwe gutunganya ishengero ry’Imana. Ni co gituma akwiye kuba inyankamugayo. Ntakwiye kuba umunyabwibone, canke uwutwarwa n’ishavu. Ntakwiye kuba imborerwa, ashwana, canke arondera kuronka inyungu mbi.


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Wame wibutsa abantu kwubaha abatware n’abategetsi, kugamburuka no gukora ivyiza.


Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.


Mwitaneho kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe ananirwa ntashikire ubuntu bw’Imana. Mwirinde ntihakagire n’umwe muri mwebwe amera nk’umuzi urura hagati yanyu agatera uruhagarara, agatuma benshi bononekara.


Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan