1 Petero 5:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe1 Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa: Faic an caibideilBibliya Yera 1951 1967 (Burundi)1 Abashingantahe b’ishengero bo muri mwebge ndabahanūra, kuko nanje nd’ umushingantahe mugenzi wanyu, kandi nd’ icabona c’imibabaro Kristo yababajwe, kandi mfatanije namwe ubgiza buzohishurwa. Faic an caibideil |
Iyo mibabaro iriho kugira ngo ipime ukwizera kwanyu yerekane ko ari ukw’ukuri. Kurya inzahabu ishira igeragereshwa umuriro kugira ngo igaragare ko ari iy’ukuri, ni ko biri no ku kwizera kwanyu. Gufise agaciro kanini cane kurusha ak’inzahabu, ni co gituma gupimwa kugira ngo nikwamara kurama, kuze kubazanire ubwiza, gushimwa n’icubahiro ku musi Yesu Kristo azohishurirwa isi yose.