Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 4:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ikiruta vyose, mukovye mu gukundana, kuk’ urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 4:8
17 Iomraidhean Croise  

Naho novuga mu ndimi z’abantu n’iz’abamarayika ntagira urukundo, noba meze nk’inkengeri canke icuma gisamirana.


Urukundo rurihangana, rugira ubugwaneza. Ntirugira ishari kandi ntirwishira hejuru.


Kandi ikirengeye vyose mwambare urukundo, ni wo mugozi udufatanya twese mu bumwe bushitse.


Kandi dusenga ngo Imana yongerereze kandi isesekaze urukundo mugiriranira muri mwebwe, n’abandi bose, nk’uko urwacu rumeze kuri mwebwe.


Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira.


Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera nyakwo.


Tubandanye gukundana nk’abavukana.


Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikintu cose kindi. Ico mukwiye kuvuga ni: “Ego” canke “Oya,” ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.


mwibuke ibi: uwukuye umunyavyaha mu nzira yiwe y’ubuzimire aba amukijije urupfu kandi atuma ivyaha vyiwe vyinshi biharirwa.


Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.


Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko impwemu yawe imerewe.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan