Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 4:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ariko ni hāgira ūhōrwa kuba Umukristo, yoye kumāramāra, arikw aheshe Imana icubahiro kubg’ iryo zina.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 4:16
20 Iomraidhean Croise  

Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”


Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”


Izo ntumwa zica ziva imbere y’Inama Nkuru y’abarongoye ubwo bwoko zinezerewe, kuko Imana yari yabonye ko bibabereye kubabazwa bahorwa izina rya Kristo.


Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe.


Ni co gituma ndiko ndababazwa uku. Ariko singira isoni kuko ndazi uwo nizeye, kandi sinkekeranya ko ashoboye kuzigama ico namubikije gushika ku musi w’ukugaruka kwiwe.


Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?


Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.


Nuko rero abababazwa bazira gukora ivyo Imana igomba, bashishikare kubikora, kandi babitse ubugingo bwabo Imana yabaremye, kuko ari iyo kwizigirwa.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan