Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 ariko kube ukw’ umuntu ahishijwe wo mu mutima, ugushaza kudashira, ni kwo mutima w’ubugwaneza utekereje, ni kwo kw’ igiciro kinini imbere y’Imana.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 3:4
40 Iomraidhean Croise  

Mwakire umutwaro wanje hanyuma munyigireko kuko ndi umugwaneza kandi nicishije bugufi mu mutima, namwe muzoronka uburuhukiro bw’imitima yanyu.


“Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti: Raba Umwami wawe arakugendeye, aciye bugufi, agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.”


Yemwe mwa mpumyi z’Abafarisayo! Banza mwoze imbere h’igikombe n’isahani hanyuma n’inyuma hazoheza habe heza.


Harahiriwe abaciye bugufi, kuko bazoragwa isi.


Mwa mburabwenge mwe! Mbega Imana yabumvye imbere si yo yabumvye n’inyuma?


Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.


Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.


Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Ndakunda ivyagezwe vy’Imana n’umutima wanje wose.


Jewe Pawulo, ndabinginze n’umutima wiyoroheje no mu bugwaneza buva kuri Kristo, naho mwibaza ko ntari imvuzi imbere yanyu ariko nkabakarira iyo tutari kumwe.


Ni co gituma tudacika intege, naho imibiri yacu iriko irashira, umuntu wacu w’imbere aguma yiyubura ku musi ku musi.


ubugwaneza, n’ukwirinda. Ibi nta cagezwe kibibuza.


Mwame imisi yose mwicisha bugufi, mugira ubugwaneza kandi mwihanganiranira, ku bw’urukundo.


Nuko rero nk’abatoranijwe n’Imana, bera kandi bakundwa cane, mwambare umutima w’ikigongwe, ubugwaneza, guca bugufi, ubwitonzi no kwihangana.


Kuko mwapfuye, ubugingo bwanyu bukaba buhishijwe hamwe na Kristo mu Mana.


Mugire ishaka ryo kubaho ubuzima butekanye; umwe wese yiteho gukora ibimwerekeye kandi ajejwe, no gukoresha amaboko yiwe nk’uko twabibabwiye.


Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho.


Usengere abami n’abatware kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose.


Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,


Birinde kugira uwo batuka kandi birinde ibihari. Ariko babe abagwaneza, kandi bace bugufi imbere y’abantu bose.


Nuko rero, mwitandukanye cane n’ibintu vyose bishobora kubanduza, hamwe n’ikibi cose, mwemere muciye bugufi ijambo ritewe muri mwebwe, rifise ubushobozi bwo kubarokora.


Ubu mwaravutse ubwa kabiri, ntimwavukiye ubuzima bw’akanya gato. Ubuzima bwanyu bushasha ni ubw’ibihe bidashira kuko buva ku mbuto itabora, ari ryo jambo rizima ry’Imana rihoraho.


Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan