Biblia Todo Logo
Bìoball air-loidhne

- Sanasan -




1 Petero 2:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.

Faic an caibideil Dèan lethbhreac

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:

Faic an caibideil Dèan lethbhreac




1 Petero 2:9
50 Iomraidhean Croise  

abantu bahora bicaye mu mwijima, babonye umuco mwinshi, kandi ababa mu gihugu c’igitutu c’urupfu, umuco warabarasiye.”


Uko ni ko mukwiye kureka umuco wanyu ukakira imbere y’abantu kugira ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, hanyuma bahimbaze So wo mw’ijuru.


kugira ngo uboneshereze abari mu mwijima n’abari mu gitutu c’urupfu, wongere urongorere intambuko zacu mu nzira y’amahoro.”


Ku bwabo ndiyeza, kugira ngo na bo bezwe mu kuri.


Nuko rero mwirinde mwebwe ubwanyu mwongere murinde n’ubusho Mpwemu Yera yabahaye ngo mububere abungere. Muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso y’umwana wayo.


kugira ngo ubugurure amaso, bave mu mwijima baje mu muco, ubakure mu bubasha bwa Satani ubazane ku Mana, baharirwe ivyaha vyabo, maze bahabwe ikibanza mu bejejwe babihawe no kunyizera.’


Agiripa aca abaza Pawulo ati: “Wibaza ko mu kanya gato nk’aka woshobora kuntahuza nkaba Umukristo?”


Kandi natwe turi muri abo yatoranije, bamwe ibakuye mu Bayuda abandi ibakuye mu Banyamahanga.


Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana na yo izomurandura, kuko ingoro y’Imana yejejwe, kandi iyo na yo akaba ari mwebwe.


Uwo Mpwemu ni ingwati y’Imana yemeza ko tuzohabwa umugabane twasezeraniwe kandi ko yatuguze ngo tube abantu bayo. Ivyo yabikoze kugira ngo tuyishime kandi tuyihe icubahiro.


Ni co gituma duhimbaza Imana kubera ubwiza bw’ubuntu bwayo yatugiriye biciye mu Mwana wayo ikunda.


icubahiro kibe icayo mw’ishengero no muri Kristo Yesu uhereye ibihe vyose, kugeza ibihe bidashira! Amen.


Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.


Yaradukijije adukura mu bubasha bw’umwijima, adushira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda.


Kuko Imana ni yo yadukijije, iduhamagarira kubaho ubuzima bwejejwe. Ivyo ntiyabikoze kuko twari tubibereye, ariko ni ku bw’umugambi wayo n’ubuntu bwayo. Ubwo buntu twabuherewe muri Kristo Yesu ibihe bitarabaho,


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Imana Data yabamenye kuva kera irabatoranya, Mpwemu wayo arabeza kugira ngo mwumvire Yesu Kristo mwogejwe n’amaraso yiwe: Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye.


Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.


Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.


Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.


Barahiriwe kandi ni abera abazoba muri iryo zuka rya mbere. Urupfu rwa kabiri nta bubasha ruzobagirako, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazoganzanya na we imyaka igihumbi.


Wabagize abami n’abaherezi bo gukorera Imana yacu, kandi bazoganza kw’isi.”


Lean sinn:

Sanasan


Sanasan